Ivanka yakoreye mu ngata Trump muri G20

Ivanka Trump acagatiwe n'abategetsi b'ibihugu vya G20 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ivanka Trump acagatiwe n'abategetsi b'ibihugu vya G20

Mu gihe abari mu nama ya G20 bariko biga ku kibazo ca Afrika, umukobwa wa perezida wa Leta zunze Ubumwe za Amerika yagaragaye mu nama mu kibanza se yari yamye yicayemwo.

Abategetsi bari bageze ku bibazo vy'abimukira n'ibiraba amagara y'abantu.

Amafoto yakwiragijwe kuri Twitter yerekanye Ivanka Trump yicaye hagati ya perezida w' Ubushinwa Xi Jinping n'umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Theresa May.

Muri ico gihe bwana Trump yariko mu mibonano n'bategetsi b'Ubwongereza na Indenoziya umwe umwe ukwiwe.

Uwufise ububasha kw’isanamu TWITTER/@LANALUKASH
Image caption Ivanka yatangajwe ko yakoreye mu ngata se mu nama ya G20 mu gihe nawe yari mu mibonano

Abenshi ku mbuga hwaniro banebaguye iyi nyifato ya Trump yo gusuga umukobwa wiwe mu kibanza ciwe.

Bamwe bagize bati : 'Mbega uyu muhinga mw'imurika ry'imyambaro yatowe na nde, ngo abe afise ububasha bwo kwicara mu nama ihambaye nk'iyo'?.

Abandi bavuze ko ari ubwa mbere babonye ibintu nk'ivyo Trump yakoze.

Trump ubwiwe yamaze umwanya muto aca aragaruka mu kibanza ciwe.

Ifoto y'umukobwa wiwe yicaranye n'abo bategetsi mu kibanza ca se yatanzwe ubwa mbere kuri Twitter n'uwari mu baserukiye Uburusiya.

bwana Trump yashimiye Angela Merkel ku gikorwa ciza yagize mu guhamagaza iyo nama y'abakuru b'ibihugu G20, n'ubwo habaye imyiyerekano iyerekeye.