Ubutegetsi bwa Vatican bwavuze ku bigize umukate bita Hositiya.

Ibikoresha vyo gusangiza mu nkuka y'imisa
Image caption Umukate n'umuvinyu bikorehwa mu gusangiza

Umukate wa Hositiya urashobora gukoreshwa ifarini irimwo agace bita gluten kari mu bikoze igitegwa c'ingano n'izindi ntete ariko rero nkeyi nk'uko bimenyeshwa n'ubutegetsi bwa Vatican.

Gukoresha ibivuye mu bitegwa vyahinduriwe kamere-OGM muri hositiya vyo ngo bikwiye kwirindwa.

Mu rwandiko rwarungikiwe abungere ba Ekleziya hose kw'isi, Cardinal Robert Sarah yagenywe na Papa nk'umutumwa w'Isakaramentu Ryeranda, yavuze ko umukate ukoreshwa mu gusangiza abakirisu, ushobora kubamwo gluten nkeya.

Ico bikora ngo iyo gluten itegerezwa kuba ikwiye mu ngano zakoreshejwe, ku buryo ata bindi bintu vy'imyanike bikwiye kwongeramwo.

Iryo baruwa rimenyesha kandi ko ivyo vyari nkenegwa ko abantu babimenya kubera uwo mukate ubu ushobora kugurwa haba mu maduka canke kuri internet.

Abakisirisu ba Ekleziya katolika y'i Roma, bemera ko umukate wa hositiya bafungura n'umuvinyu banywa mu gusangira bihinduka umubiri n'amaraso vya Yezu kirisitu.