Venezuela, Leopoldo López yarekuwe ariko ntiyidegenvya

Leopoldo López yahora pafungiye muri sentare ya gisirikare Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Leopoldo López yahora pafungiye muri sentare ya gisirikare

Sentare nkuru ya Caracas yemeje ko bwana Lopez yari amaze imyaka itatu mw'ibohero rya gisirikare, yakuweyo ku mvo z'amagara yiwe.

Yari yakatiwe imyaka 14 yagirizwa gukokeza ubugizi bwa nabi, icaha yakomeje guhakana yivuye inyuma.

Venezuela cugarijwe n'ubukene, kandi hamaze igihe inyiyerekano yo kwiyamiriza leta muri aya mezi arangiye.

Ubukene bwa Venezuela muri iyi minsi bwunyuwe n'imanuka ry'ibiciro vy'ibitoro, vyahora vyinjiza hafi ibice 95% vy'amafaranga ava mu bishoregwa hanze y'igihugu, ari nayo yavamwo ayafasha gushigikira abanyagihugu.

Ubu perezida Maduro ntagikunzwe nk'uko yahora kubera bamwe mu banyagihugu bababajwe no kubona amafaranga bahora bafashishwa yaragabanijwe cane.