Amasazerano y'agahengwe mu bumanuko bwa Syria

Ingabo za Syria zatakaje uturere twinshi twigaruriwe n'imigwi itandukanye Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ingabo za Syria zatakaje uturere twinshi twigaruriwe n'imigwi itandukanye

Umwumvikano wo guhagarika intambara mu buryo bw'agateganyo hagati y'ingabo za Syria n'abarwanya leta y'ico gihugu kuva uno munsi, wemejwe hagati y'Uburisiya na Leta zunze Ubumwe za Amerika, hamwe na Yordaniya.

Umuhanuzi wa perezida Trump mu bijanye n'umutekano, H R McMaster, yavuze ko ari intambwe ikomeye mu nzira yo kurangiza intambara hagati y'abavukagihugu, bagakomeza kugwaniriza hamwe umutwe wa Islamic State.

Uwo mwumvikano watangajwe ku munsi wa gatanu inyuma y'umubonano hagati ya Perezida Trump na Perezida Putin aho bari mu nama ya G20 mu muji wa Hamburg mu Budagi.