Imyiyerekano ya KKK muri Virginia yasekanye n'iyo abayigwanya

Ku Klux Klan Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abashigikiye KKK baherekejwe n'abapolisi kuri kaminuza ya Charlottesville

Urugendo rw'abanywanyi b'umugwi Ku klux Klan -KKK urangwa no gushigikira agacinyizo k'abazungu, rwahuye n'imyiyerekano y'abarwanya uwo mugwi muri Leta ya Virginia mu bumanuko bwa Leta zunze Ubumwe za Amerika.

Abanywanyi ba KKK bari mu rugendo rwo kwiyamiriza ugikorwa cari giteganijwe co gukuraho igishushanyo ca general Robert E Lee kuri kaminuza ya Charlottesville.

General Lee niwe yayoboye intambara y'abari bashigikiye ikandamizwa ry'abirabure no kubagumiza mu bugurano, mu gihe c'intambara yo kurondera ubwigenge bw'abirabure muri Leta zunze Ubumwe za Amerika.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Hari abaciye bihereza amabarabara kwiyamiriza KKK

Guharanira ibimenyetso vy'ibendera n'ibindi bishushanyo biranga ako kahise k'intwaro y'agacinyizo ku birabure, bikunze gutuma haba imyiyerekeno y'imigwi ya kera n'iya kino hige, irangwa no gushaka kugaragaza ko umuzungu aruta kandi akwiye gutegeka umwirabure muri Leta zunze Ubumwe za Amerika.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umwe mu baje kwiyamiriza KKK ariko asukwako amazi inyuma yo gutegwa imyuka irakira

Abihweza utuntu n'utundi bamenyesha ko itorwa rya Donald Trump ryahaye intege iyo migwi y'intagondwa zirangwa n'amacakubiri aho muri Leta zunze Ubumwe za Amerika.