Ubushinwa n'abaganga ba Bulaya baravuguruzanya ku buzima bwa Liu Xiaobo

Liu Xiaobo Uwufise ububasha kw’isanamu LIU XIA / HANDOUT
Image caption Liu Xiaobo, aharanira agateka ka zina muntu mu Bushinwa

Liu Xiaobo, umushinwa yabaye imboneza mu guharanira agateka ka zina muntu, agwaye cancer yo mu mahaha igeze kure, ariko abaganga b'abanyamahanga bavuga ko ashobora gushika hanze kwivuza mu gihe vyonyaruka.

Abanganga basuzumye Liu Xiaobo, baturuka mu bihugu vya Leta zunze Ubumwe za Amerika no mu Budagi, baremeza ko gutwara umurwayi mu rugendo rwa kure vyama birimwo ingorane, ariko bavuze ko vyoba vyiza Liu agiye mu mahanga kwivuza nk'uko we n'umuryango wiwe babisavye.

Ubushinwa bwo buvuga ko uwo mugabo yigeze gutsindira agashimwe kitiriwe Nobel asanzwe yakatiwe igipfungo c'imyaka 11 yagirizwa kurenga amabwiriza, agwaye cane ku buryo ataho yoja.