Perezida Trump yatangaje bimwe mu vyo yaganiriye na Putin

Putin na Trump Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Putin na Trump bavuganye ku munsi wa gatanu m Budagi

Perezida Trump yavuze ko mu vyo bagairiye na perezida w'Uburusiya harimwo gufashanya kwubaka ico yise ururani rw'intamenwa mu itumatumanako kuri internet, rwo kugwanya abaca muri ubwo buhinga mu kwononera amatora.

Perezida Trump yemeje kandi ko yahase ibibazo Putin ku bivugwa y'uko ibiro vy'umukuru w'igihugu w'Uburisiya vyivanze mu matora ya Leta zunze Ubumwe za Amerika.

Yavuze y'uko uwo mutegetsi mugenzi we yabimuhakaniye.

Perezida Trump yongeyeko ko ikibazo c'ibihano vyafatiwe Uburusiya ataco bakivuganyeko ariko ko bizogumaho.

Mugabo umukenguzamateka wo mu mugambwe w'aba Republicains, Lindsay Graham yavuze ko perezida Trump yari akwiye gutanga ubutumwa butomoye ko Uburusiya butegerezwa kwishura ikiguzi co kuba barabangamiye demokarasi.