Agasozi kurigwa n'abagabo gusa kashizwe mu butunzi bwa UNESCO

Okinoshima Uwufise ububasha kw’isanamu Google
Image caption Abagabo batarenga 200 nibo bagera ku musizi wa Okinoshima buri mwaka

Agasozi ka Okinoshima gacagatiwe n'amazi, yo hagati y'ibihugu vya Koreya y'epfo n'Ubuyapani, karazwi kuva na kera na rindi kuko kakoreshwa mu migenzo yo gusenga.

Agasozi ka Okinoshima, kagenderwa n'abagiye gusaba gukingirwa imbere yo gufata ingendo zo mu mazi n'ubwato.

Imbere yo guhonyoza ikirenge kuri ako gasozi, abagabo barinda kwambura impuzu zose, bakiyuhagira.

Nta kintu na kimwe kandi gishobora kuhavanwa n'ugendeye ako gasozi,canke ngo avuge ivyo yahabonye.

Kuva mu ntango z'ikinjana ca 17 ako kazinga karagenderwa kandi nta mugore yemeregwa kuhahonyoza ikirenge, kagenderwa n'abagabo gusa.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ikibanza ca Okitsu cubatswe mu kinjana ca 17 kigasengerwamwo n'abatwara ubwato

Kuri iryo zinga bahasanze ibintu vyinshi vyahora bihajanwa n'abahashengereye, birimwo imiringa yo ku ntoke ituruka muri Korea.

Muri kino gihe, abantu bemerewe kugendera ico kibanza rimwe rizima mu mwaka wose, kw'itariki 27 z'ukwa gatanu, kandi iyo migenzo ya kera n'ubu iracakurikizwa, nta mugore yemerewe kuhaja.

Abemeregwa kugendera ako gasozi ntibashobora kurenga 200.

Bisabwa ko barinda gukurikiza umugenzo wo kwiyuhagira, kandi bakaba ari abagabo.