Tesla yasohoye amafoto y'imodoka izimbutse igiye gushira kw'isoko

Elon Musk Uwufise ububasha kw’isanamu TWITTER/ELON MUSK
Image caption Ifoto y'imdokari nsha ya Tesla 'Model 3'

Umuyobozi nshingwabikogwa wa Tesla, Elon Musk, yatangaje abicishije ku rubuga rwa Twitter, amafoto y'imodoka nsha ya 'Model 3' urwo ruganda rwakoze.

Ubutumwa bwa bwana Musk bwariko ifoto y'iyo modoka iherekejwe n'aya majambo "First Production Model 3".

Uwo mugwizatunga yarungitse ubutumwa bugira kabiri buriko iyindi foto y' imodokari iri mu rindi bara, ihagaze imbere y'uruganda rwa Tesla muri California.

'Model 3' niyo modoka ya mbere uruganda rwa Tesla rukoreye isoko ry'abantu babayabaye.

Abaguzi 30 ba mbere bazoyicaramwo kuwa 28 z'uku kwezi.

Iyo modokari iciye amadorari ibihumbi mirongo itatu na bitanu izoca ishigwa kw'isoko.

Ico giciro cayo ni nka kimwe ca kabiri c'imodokari yitwa ko izimbutse ya mbere urwo ruganda mu bisanzwe ruhingura imodokari z'ababifise , rwari rumaze gushira ku masoko.

Uruganda rwa Tesla rusa n'urwaronse abaguzi bake muri uyu mwaka, aho muri California rwahorana benshi, bagabanutseko 24 %, nayo mu mwaka uheze wose rwaronse igihombo ca miriyoni zirenga amajana munani ($ 889 000 000).

Amasanamu ya bwana Musk akurikiye inkuru yasohotse mu ndwi iheze, y'uko uruganda rwa Volvo rugiye gukora imodokari zigendeshwa n'umuyagankuba, aho kunywa igitoro.