Trump Junior yarabonanye n'umushingwamanza w'Uburusiya inyuma yo kwemerwa amabanga ya Hillary Clinton

Donald Trump Jr at Trump Tower in New York City, 18 January 2017 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Donald Trump Junior avuga ko yabonanye na Natalia Veselnitskaya ariko ko ata nkuru ikomeye yamuhaye yerekeye umupfasoni Clinton.

Umwana w'umuhungu wa prezida wa Amerika Donald Trump, yaremeye kubonana n'umushingwamanza w'Umurusiya inyuma yokwemererwa guhabwa inkuru mbi zerekeye Hillary Clinton.

Donald Trump Junior avuga ko yabonanye na Natalia Veselnitskaya ariko ko ata nkuru ikomeye yamuhaye yerekeye umupfasoni Clinton.

Perezida Trump yatangaje bimwe mu vyo yaganiriye na Putin

Trump na Putin bahuye ubwa mbere

Kandi muri iyo nama harimwo kandi umukwe wa prezida Trump, Jared Kushner hamwe n'uwari arongoye imyiyamamazo ya Trupm, Paul J Manafort.

Abategetsi ba Amerika bariko baratohoza ibivugwa ko Uburusiya bwivanze mu matora yo muri ico gihugu.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Iyo nama n'umushingwamanza Veselnitskaya yabaye itariki 9 z'ukwezi kwa gatandatu mu 2016 mu nzu y'amanama ya Trump Tower

Inama n'umushingwamanza Veselnitskaya yabaye itariki 9 z'ukwezi kwa gatandatu mu 2016 mu nzu y'amanama ya Trump Tower mu gisagara ca New York, inyuma y'aho Trump atsindiye guserukira umugambwe w'abarepublicain mu matora y'umukuru w'igihugu.