Prezida Uhuru Kenyatta yagabishije sentare

Uhuru Kenyatta Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Uhuru Kenyatta yagiye ku butegetsi mu 2013

Prezida wa Kenya Uhuru Kenyatta yagabisha sentare muri ico gihugu ko tofasha abatavuga rumwe na reta mu matora yimirije

Amatora y'umukuru w'igihugu azoba mu kwezi kuza aho bitegekanijwe ko Uhuru Kenyatta gusubira kwitoza.

Ku musi wa gatanu, ku birego abatavuga rumwe na reta bari bashikirije sentare, sentare nkuru yashinze ko akanama kajejwe gutegura amatora ko atari ko kotegura impapuro z'amatora.

Kenyatta yavuze ashimitse ko ayo matora azoba uko yateguwe.

Yavuze ko sentare nkuru ntishobora kuvuga ko yigenga kugira ikoreshe ubwo bwigenge mukwinjirira ibindi bisata vya reta.

Muri Kenya imigambwe yemerewe kwiharurira amajwi

Odinga aragabisha ku matora y'umwaka uza

Urunani rw'abatavuga rumwe na reta Nasa ruvug ko prezida afitaniye imigenderanire na kompanyi y' i Dubai ya AI Ghurair yatsindiye isoko ry'imiliyoni 24 z'amadolari zo gutegura impapuro z'amatora.

Umcamanza mukuru wa Kenya, David Maraga, yagabishije prezida Uhuru Kenyatta kudatuma abanyagihugu bata icizere bari basanzwe bafitiye ubutungane.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Urunani rwa Nasa rurongowe na Odinga ruvuga ko prezida afitaniye ubucuti n'ikompanyi y'i Dubai, ya AI Ghurai yatsindiye guteggura impapuro z'amatora

Na yo akanama kajejwe gutegura amatora IEBC, vyitezwe ko kabonana n'abashaka kwitoza bose mu kibanza c'umukuru w'igihugu ko ari umunani uyu musi harimwo na prezida Uhuru Kenyatta.

Abashingwamanza b'ako kanama kandi barashika imbere ya sentare uyu musi kugira basigurirwa icatumye hafata ingingo nk'iyo.