Video ya mbere y'abapfasoni bo muri Korea bashizwe mu buja bwo gufata ku nguvu yabonetse

Several 'comfort women' talking to a Chinese officer Uwufise ububasha kw’isanamu US National Archives
Image caption Video ya mbere y'abapfasoni bashizwe mu buja bwo gufata ku nguvu yabonetse

Korea ya ruguru yerekanye ico yise video ya mbere y'abapfasoni bagizwe abaja bo gufatwa ku nguvu n'abasirikare b'Ubuyapani mu gihe c'intambara ya kabiri y'isi yose.

Iyo video yafashwe n'abasirikare ba Amerika mu gihugu c'Ubushinwa, yatowe n'abagira amatohoza bafashwe mu mugongo na reta muri kaminu ya Seoul, muvyaranze igihugu ca Amerika.

Iyo video y'amasegunda 18 yerekana abagore benshi batonze ku murongo bariko baravugana n'abasirikare b'Ubushinwa.

Abaharanira agateka ka zina muntu muri Korea y'epfo baharura ko abapfasoni boba bagera ku 200.000 bategetswe gukora akazi ku nguvu mu gisirikare c'Ubuyapani.

Uwufise ububasha kw’isanamu US National Archives
Image caption Video ya mbere y'abapfasoni bashizwe mu buja bwo gufata ku nguvu yabonetse

Abo bapfasoni bava mu bihugu vya Korea, Ubushinwa, Indonesia, Philippine na Taiwan.

Gushika ubu abapfasoni bategetswe kuba abaja bo gufatwa ku nguvu n'abasirikare b'Ubuyapani mu gihe c'intambara ya kabiri y'isi yose baboneka ku mafoto gusa hamwe n'ibivugwa n'ababibonye.