Amakompanyi y'indege 2 yavanyeho ingingo yo kutinjiza laptop muri Amerika

Customers walk past Kuwait Airways board in Kuwait Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Amakompanyi y'indege 2 yavanyeho ingingo yo kutinjiza laptop muri Amerika

Amakompanyi ya Koweit Airways na Royal Jordanian agiye kurekurira ingenzi zayo gutwara laptop mu ndege zija mu gihugu ca Amerika.

Ayo makompanyi abiri avuga ko yakoranye n'abategetsi ba Amerika mu kwongereza umutekano w'indege ziva mu gihugu ca Koweit na Yordania.

`Amerika yari yatangaje iyo ngingo yo kubuza laptop kwinjira muri ico gihugu mu kwezi kwa gatatu, ku ngendo zindege zija muri ico gihugu zidahagaze ku bihugu umunani vy'aba Islam, kubera ubwoba ko zishobora gutegwamwo amabombe.

Amakompanyi y'indege ya Etihad, Turkish Airlines, Emirates na Qatar yaskuweko iyo ngingo mu ndwi iheze.

Ikompanyi y'indege ya Royal Jordanian indege zayo zija mu bisagara bitatu vyo muri Amerika ivuye i Amman ku mugwa mukuru wa Yordania, yakuweko iyo ngingo inyuma y'intambwe yagize muvyo umutekano w'indege zija muri Amerika.

Kompanyi ya reta ya Koweit Airlines indege zayo zigira ingendo ziva muri Koweit zija mu gisagara ca New York, ziciye muri Irland, ivuga ko iyo ngingo yakuweho inyuma y'aho abategetsi ba Amerika bagenzuriye umutekano w'indege zabo.