Burundi: Abantu umunani bahitanywe n'igitero ca grenade

Ikarata y'Uburundi
Image caption Abantu 8 bahitanywe n'igitero ca grenade abandi 50 barakomereka mu Kayanza mu buraruko bw'Uburundi

Abantu umunani bapfuye abandi 50 barakomerekera mu gitero ca grenade cabaye ku mutumba wa Shinya muri komine Gatara mu ntara ya Kayanza mu buraruko bw'Uburundi.

Ico gitero cabaye mu masaha cumi na zibiri n'igice yo ku mugoroba.

Abantu bane baciye bapfa ubwo nyene abandi nkabo nyene bakaba bapfuye bamaze gushika kwa muganga.

Abandi bantu 50 bari muri ico kibanza co kwivuniramwo akanyota baracariko baravurwa.

Burundi: Igitero mu ntara ya Kayanza

Uwagize ico gitero ntaramenyekana.

Umuvugizi w'igipolisi c'Uburundi Pierre Nkurikiye avuga ko amatohoza aza yamaze gutangura .