Ubwongereza bugiye muri 1/2 Finale mw'ihiganwa rya Buraya rya U-19

Ryan Sessegnon yinjije bitatu mu bitsindo indwi Ubwongereza bwinjije muri iryo higanwa Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ryan Sessegnon yinjije bitatu mu bitsindo indwi Ubwongereza bwinjije muri iryo higanwa

Ubwongereza bwatsinze bikomeye umugwi w'Ubudagi 4-1 buba bugiye gukina igice c'ica kabiri (demi-finale) n'umugwi w'aba Tchèque mw'ihiganwa ry'abafise imyaka iri munsi ya 19 Under-19 (U-19) ribera muri Géorgie.

Umukinyi wo muri Nottingham Forest, Ben Brereton hamwe n'uwa Fulham, Ryan Sessegnon binjije ibitsindo bibiri bibiri bituma umugwi umenyerezwa na Keith Downing uba uwa mbere mu mugwi B.

Bazohura n'umugwi w'aba Tchèque i Tbilisi ku munsi wa gatatu, abatsinze bakaba bazoca bakina urukino rwa nyuma (Finale) itariki 15 z'ukwezi kw'indwi.

Mu kwezi guheze, Ubwongereza bwatwaye igikombe ca U-20, mu gutsinda Venezuela 1-0.

Mu kwezi guheze nyene, Ubwongereza bwarageze mu gice ca "demi-finale" mw'ihiganwa U-21 ryo muri Pologne, aho bwakuwemwo n'Ubudagi ku ma penaliti.

Brereton naSessegnon binjije umwumwe ibitsindo bitatu muri iryo higanwa.