Chelsea yagiranye amasezerano y'akazi na Antonio Rudiger avuye Roma

Antonio Rudiger yafashije Ubudagi gutwara igikombe ca 2017 Confederations Cup mu Burusiya Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Antonio Rudiger yafashije Ubudagi gutwara igikombe ca 2017 Confederations Cup mu Burusiya

Umugwi uheruka gutsinda ihiganwa rya Premier League, Chelsea wapfunditse amasezerano y'akazi y'imyaka itanu n'umukinyi w'inyuma wa Roma, Antonio Rudiger ku mahera imiliyoni 37 z'amadolari.

Rudiger w'imyaka 24, yinjiye muri uwo mugwi haheze indwi imwe afashije Ubudagi gutwara igikombe ca Confederations Cup.

"Numva nezerewe kuko si umukinyi uwariwe wese aronka akaryo ko kwinjira mu mugwi ukomeye nkuyu," niko Rudiger yavuze.

"Antonio aracari muto ariko arafise ubuzobere mu mahiganwa mpuzamakungu kandi afise ibikenewe vyose vyo gukina mu mugwi wa Premier League," niko uwujejwe ivy'ubuhinga muri Chelsea Michael Emenalo yavuze.

Rudiger azokinisha inomero 2, mu gihe uwahora azikinisha Branislav Ivanovic yagiye gukina mu mugwi wa Zenit w'i St Petersburg mu kwezi kwa kabiri.