Igisirikare ca Kenya kigiye gukororera amabombe ku ba Shabab

Bwana Marwa (hagati) yasavye abanyagihugu kuva mw'ishamba rya Boni
Image caption Bwana Marwa (hagati) yasavye abanyagihugu kuva mw'ishamba rya Boni

Ubutegetsi bwa Kenya bwamenyesheje ko bufise intego yo gukororera amabombe ku bagwanyi b'umugwi Al-Shabab wagereye mw'ishamba rya Boni hafi y'umupaka wa Somalia.

Abanyagihugu baba muri iryo shamba basabwe kurivamwo bakaja mu makambi yateguwe n'ubutegetsi, imbere yuko ivyo bikogwa vya gisirikare bitangura.

Abo bagwanyi ba Al-Shabab basa naho bamaze kwifatira iryo shamba nk'ikirindiro gikomeye cabo, bakagaba ibitero mu turere turi hafi ariyo bavuye.

Mu ndwi iheze, abantu icenda barishwe n'abo bagwanyi babanje gucibwa amazosi mu kigwati ca Pandanguo, kiri hafi y'iryo shamba mu ntara ya Lamu.

Mu mpera z'indwi iheze, ubutegetsi bwashinze amategeko yo mu bihe bidasanzwe, asaba abanyagihugu kutava mu nzu mw'ijoro mu karere kose ko ku nkengera y'ibahari Indiyano.

Umumenyeshamakuru wa BBC Ferdinand Omondi yavuze ko igisirikare ca Kenya kimaze imyaka ibiri kigerageza kwirukana abo bagwanyi muri iryo shamba ariko bikaba impfagusa.

Uwurongoye igipolisi muri ako karere, Nelson Marwa yavuze ko bagiye gutangura kugaba ibitero vyo mu kirere, asaba abanyagihugu kwigira kure y'iryo shamba.

"Ntiturindiriye kumenya ico muvyiyumvirako, iryo sekeza ritegerezwa gukogwa, aba Shabab bakirukanwa muri iryo shamba. Ubu tuvugana ibitero vyo mu kirere birabandanya," niko Bwana Marwa yavuze.

"Ibintu bigiye gukomera. Kurivyo dusaba abo bose baba muri iryo shamba kwimuka. Ubutegetsi bubimuye kuberako hagiye kuba ingwano ikomeye cane kandi ntitwipfuza ko abanyagihugu bayigwamwo."