Mail 'zivuga ku nama hagati ya Trump Jr n'Uburusiya'

Donald Trump, Jr places a hand on the shoulder of his father, Donald Trump, during a rally on the final night of the 2016 US presidential election Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty Images
Image caption Trump Jr arahakana ko ata nkuru yatanze zibangamira Amerika

Donald Trump yari yabwiwe ko amabanga kuri Hillary Clinton yatanzwe n'umushingwamanza w'umurusiya ari bimwe mu twigoro twa reta y'ico gihugu mu gufasha se wiwe mu myiyamamazo y'amatora ya prezida, nk'uko bivugwa na New York Times.

Rob Goldstone, yateguye kubahuza n'uwo mushingwamanza mu kwezi kwa gatandatu mu 2016, ni ko yabivuze muri mail, nk'uko ico kinyamakuru kibandanya kibivuga.

Trump: "sinigeze mfata amajwi Comey"

Amerika yemeza ko Uburusiya bwafashije Trump mu matora

Trump Jr avuga ko yagiye muri iyo nama, ariko ko ayo mabanga yemerewe atayaronse.

Abategetsi ba Amerika bariko baragira amatohoza ku bivugwa ko Uburusiya bwivanze mu matora ya Amerika.