Abantu 16 bahitanywe n'impanuka y'indege muri Amerika

A still image showing a crashed plane in flames in a field, taken from video footage Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abantu 16 bahitanywe n'impanuka y'indege muri Amerika

Abantu bashika 16 bahitanywe n'impanuka y'indege y'intambara mu ntara ya Mississipi muri Amerika.

Iyo mpanuka yabereye mu karere ka Le Flore nko ku birometero 160 uvuye ku mugwa mukuru w'iyo ntara, Jackson.

Abantu bari muri iyo ndege bose ko ari 16 ntawarokotse.

Indege yagize isanganya mu Misiri yoba yaraturitse

Indege ya Myanmar yabuze irengero yaguye mu kiyaga ca Andaman

Ntiramenyeshwa ico catumye haba isanganya nk'iryo.

Nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru co mu ntara ya Mississipi, iyo ndege yakorokeye mw'ishamba, ibisigarira vyayo bikaba vyaciye binyabagira hose.

Image caption Abantu 16 bahitanywe n'impanuka y'indege muri Amerika