Colombia: Prezida Santos yatanze ikigongwe ku bayoboke ba FARC

FARC rebels stay at the Transitional Standardization Zone Mariana Paez, Buena Vista, Mesetas municipality, Colombia on June 26, 2017 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abagwanyi barenga 7.000 ba FARC bagiye gusubizwa mu buzima busanzwe

Prezida wa Colombia Juan Manuel Santos yashize umukono kw'itegeko riha ikigongwe uwundi mugwi w'abagwanyi 3.600 ba FARC, washize umukono ku masezerano y'amahoro na reta mu mwaka uheze.

N'itegeko ritanga ikigongwe rya gatatu ari na ryo rya nyuma rishizweko umukono na prezida Santos.

Abahoze ari abagwanyi barenga 7.000 bose hamwe baronse ikigongwe abandi bava mu mvuto mu ntumbero yo kubasubiza mu buzima busanzwe.

Colombia na FARC bagiye kwemeza amasezerano mashasha

Colombia n'umuhari wa FARC bumvikanye ku masezerano

Mu kwezi guheze, umuhari wa FARC wararangije igikorwa co kwakwa ibigwanisho.

Abo bagwanyi bashubije ibigwanisho bandikishije bigera ku 7.000 akana ka Onu ko muri Colombia.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Prezida Santos n'umukuru w'abagwanyi ba FARC Rodrigo Londono, azwi kw'izina rya Timochenko, bahuye ku musi wa nyuma wo kwaka ibigwanisho uwo muhari itariki 27 z'ukwezi kwa gatandatu

Kare cane ku musi wa mbere, Akanama ka Onu kajejwe umutekano kw'isi kemeje irungikwa ry'umugwi mushasha wa Onu muri ico gihugu, uzotangura gukurikirana ishirwa mu ngiro ry'ayo masezerano y'amahoro kuva mu kwezi kw'icenda.

Ayo masezerano aje kurangiza imyaka irenga 50 y'intambara.