Uburusiya bugiye kwirukana abaserukira amerika 30

US President Donald Trump (R) speaks with Russian President Vladimir Putin at G20 in Hamburg, 7 Jul 17 Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Inama ya mbere yahuje Putin na Trump mu gisagara ca Hamburg mu ndwi iheze

Uburusiya buriteguiye kwirukana abakozi 30 baserukira Amerika no kwigarurira ivyo amerika itungiye muri ico gihugu mu kwishura ku bihano vya Amerika, nk'uko bivugwa n'abategetsi b'Uburusiya.

Iryo gabisha n'iryo mu bushikiranganji bw'imigenderanire n'amakungu bw'Uburusiya bikaba vyanditswe mu kinyamakuru ca Daily Izvesta.

Mu kwezi kwa cumi na kabiri ubutegetsi bwa Obama bwirukanye abaserukira Uburusiya 35 bunigarura ivyicaro bibiri vy'iperereza ry'ico gihugu.

Izo ngingo ni izo kwishura kubivugwa ko Uburusiya bwivanze mu matora yo muri Amerika.

Uburusiya bwari busanzwe bwarafatiwe ibindi bihano na Amerika.

Ibirego byo kwiba amabanga muri Amerika: Obama yabwiye Putin kubihagarika

Uburusiya bugiye kwirukana abaserukira Amerika 35

Ubutegetsi bwa Trump buriko buragirwako amatohoza kubera ibivugwa ko Uburusiya bwivanze mu matora y'umwaka uheze, ariko ico gihugu kiguma kibihakana.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Ibiro vy'Uburusiya mu ntara ya Maryland vyigaruriwe na Amerika mu kwezi kwa cumi na kabiri