Arsene Wenger ngo nta makuru afise ko Sanchez yipfuza kugenda

Alexis Sanchez yipfuza kumenyerezwa na Pep Guardiola wa Man City Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Alexis Sanchez yipfuza kumenyerezwa na Pep Guardiola wa Man City

Umumenyereza wa Arsenal Arsene Wenger yavuze ko Alexis Sanchez ataramubwira ko yipfuza kuva mu mugwi, akizera ko uwo musatirizi aturuka muri Chili azubahiriza amasezerano.

Uwo mukinyi w'imyaka 28 asigaje umwaka umwe uravye amasezerano yagiranye n'umugwi Arsenal.

Haheze igihe bivugwa ko Sanchez yipfuza kuja mu mugwi Manchester City, bahiganwa na Arsenal muri Premier League.

Abajijwe ko Sanchez yamubwiye ko yipfuza kuva mu mugwi, uwo mumenyereza w'umufaransa yagize ati: "Oya."

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Wenger avuga ko abakinyi basabwa kwubahiriza amasezerano

Wenger yongeye ati: "Abakinyi bafise amasezerano kandi tuba twizeye ko bayubahiriza. Ivyo nivyo twipfuza."

Sanchez yinjiye mu mugwi wa Arsenal avuye Barcelone ku miliyoni 45 z'amadolari mu ci ryo mu 2014.