Konta ashobora kuba umwongereza wa mbere ashitse muri 1/2 kuva mu 1978

Konta afise amamuko yo muri Australia yaronse ubwenegihugu bw'Ubwongereza Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Konta afise amamuko yo muri Australia yaronse ubwenegihugu bw'Ubwongereza

Johanna Konta afise intego yo kuba umugore wa mbere w'umwongereza azoba ashitse mu gice c'ica kabiri (demi-finale) ca Wimbledon ni yatsinda Simona Halep kuri uno wa kabiri, uwaheruka kugishikamwo akaba ari Virginia Wademu mu 1978.

Urukino rw'igice c'ica kane ruhuza Konta n'umunya Rumaniya ari mu kibanza ca kabiri kw'isi Halep, ashobora kuja mu kibanza ca mbere ni yabandanya, ni urwa gatatu rubera ku kibuga co hagati.

Wade, yatahukanye intsinzi mu 1977, arashigikiye Konta ngo atware igikombe inyuma y'imyaka 40, igihe we agitahukaniye.

Konta ari mu kibanza ca gatandatu yavuze ati: "Urukino ngiye gukina nirwo rwonyene ruri mu mutwe wanje."

Uwo mwigeme w'imyaka 26 yongeye ati: "Hari vyinshi ntegerezwa gukora kuva ubu gushika ngere aho ntwara igikombe ca Wimbledon.

"Si nari bwiyumvire gushika kure nkuku, sindabikora kuko uwo duhura arakomeye kandi muri kino gihe abandanya akina neza."

Igihe Konta yoba atsinze, Karolina Pliskova w'imyaka 25 aturuka muri Tchécoslovaquie aca aduga mu kibanza ca mbere mu gihe Angelique Kerber w'Ubudagi yahora muri ico kibanza yakuwemwo n'umunya Espagne Garbine Muguruza mu gice c'ica 16.