Onu: IS iracifatiye abanyagihugu 3000 mu duce twa Mosul

Haider al-Abadi (hagati) yigina intsinzi ya Mosul ari kumwe n'abasirikare Uwufise ububasha kw’isanamu TWITTER/@IRAQIPMO
Image caption Haider al-Abadi (hagati) yigina intsinzi ya Mosul ari kumwe n'abasirikare

Umuryango mpuzamakungu Onu uvuga ko hari abasivile bashika 3000 bagikwamiye mu duce dutandukanye twa Mosul, tukigenzugwa n'abagwanyi b'umugwi wa Leta y'iki Islamu, Islamic State (IS).

Uwo muryango ushikirije ivyo haheze amasaha ubutegetsi bwa Iraki bumenyesheje ku mugaragaro, ko bwatsinze umwansi bugaruza n'ico gisagara.

Umuvugizi wa Onu yabwiye BBC ko abo bantu bakiri mu turere tugenzugwa na IS, benshi ari abantu bagendana ubumuga, abasaza n'abana batandukanye n'imiryango, babuze ingene bahunga ingwano.

Igisirikare ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika kivuga ko abagwanyi basigaye muri ako karere ka Mosul bari ku rushi, ko abasirikare ba Iraki bariko baragerageza kuhabakura.