Aisha Buhari: "Imfyisi n'imbwebwe" tuzozigizayo

Aisha Buhari, yafotowe n'umugabo mu 2015 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Aisha Buhari, yafotowe n'umugabo mu 2015

Umutambukanyi w'umukuru w'igihugu ca Nigeria, Aisha Buhari yavuze ko "imfyisi n'imbwebwe" zizokwigizwa kure mu mvugo ngereranyo yakoresheje kuri Facebook atunga urutoke abakoreshwa b'umugabo.

Ayo majambo ya Madamu Buhari asa nayabwiwe abanyepolitike bakomeye barongoye umugambwe, niko umumenyeshamakuru wa BBC Naziru Mikailu akorera Abuja yavuze.

Ngo abo bategetsi boba bariko bararondera ibibanza ic'umukuru w'igihugu n'ic'icegera c'umukuru w'igihugu, mu gihe umugabo agwaye.

Prezida Muhammadu Buhari ari mu gisagara ca Londres aho ariko arivuza.

Icegera ciwe nico kirongoye igihugu muri kino gihe ari inyuma y'igihugu, ariko nta na kimwe kivugwa ko yoba ariko ararondera gukura Bwana Buhari, niko uwo mumenyeshamakuru wa BBC avuga.

Bwana Buhari amaze kuja mu karuhuko k'amagara incuro zibiri mu Bwongereza, mu kwezi kwa mbere, agaruka mu kwa gatatu. Yavuze ko yahawe amaraso ariko ntiyasigura igituma.

Yasubiye mu Bwongereza mu kwezi kwa gatanu, nubu akaba ariyo akiri.

Madamu Buhari yamusanzeyo mu ntango kumusuhuza, yavuze ko "ariko aratora mitende".

Madamu Buhari yasohoye ayo majambo yishura ivyo umukenguzamateka Shehu Sani yanditse agabisha ko hari abantu "bariko barategura imigambi...kugira ngo babe abami".