Akanama kagenzura inkino muri Tanzaniya kahagaritswe

Umushikiranganji w'inkino Harrison Mwakyembe yagirije akanama kagenzura inkino mu gihugu ingeso y'ibiturire
Image caption Umushikiranganji w'inkino Harrison Mwakyembe yagirije akanama kagenzura inkino mu gihugu ingeso y'ibiturire

Akanama kagenzura inkino mu gihugu ca Tanzaniya kasambuwe, ubutegetsi bukakagiriza ingeso yo kurya ibiturire no kutitaho akazi.

Ano makuru nta muntu yatangaje mu gihe ako kanama kamaze igihe kirekire kavugwa ko kadakora ibishimisha.

Igihe yafata ingingo yo kugasambura, umushikiranganji w'inkino Harrison Mwakyembe, yavuze ko kuba katateje imbere igisata c'inkino ataho bihuriye n'ikeha ry'amahera, ahubwo ko vyavuye ku kutitaho akazi.

Yagirije ako kanama ko karangwamwo amakosa menshi y'ibiturire ariko uwahora ari umunyamabanga mukuru wako, Mohammed Kiganja akaba yabihakanye.

"Ubwa mbere ho novuga ko ata ngeso y'ibiturire yari muri ako kanama naho ingeso ya ruswa ivugwa muri rusangi mu gisata c'inkino mu gihugu.

Iyo ugiye mu matora mu migwi y'umupira w'amaguru, kuva mu makomine gushika no ku rwego rw'igihugu, uzosangaho izo ngorane."

Ako kanama gasambuwe inyuma yaho umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu gihugu hamwe n'abandi bakozi bo ku ngazi zo hejuru, bagirijwe kunyegeza amahera y'iryo shirahamwe mu yandi matungo.