Umunya Ghana afise abana barenga 100 yipfuza abandi

Asilenu avuga ko yarakwiye kuronka abana benshi kurusha abo afise
Image caption Asilenu avuga ko yarakwiye kuronka abana benshi kurusha abo afise

Kuri uno munsi wo kwibuka urugero rw'abantu kw'isi, umugabo yarondotse cane, Kofi Asilenu afise imyaka 80 n'abana 100 ku bagore 12, avuga ko yarakwiye kuronka abandi bana.

Uwo mutama abana n'umuryango wiwe mu kigwati ca Amankrom, ku minota 45 ugiye n'imodoka uvuye ku mugwa mukuru Accra.

Umuryango wiwe wonyene ugize ica gatatu ku bantu 600 baba muri ico kigwati.

Yabwiye umumenyeshamakuru wa BBC ko yipfuza umuryango munini kurusha uwo afise, kuberako adafise abo bavukana:

"Nta murumuna wanje canke mukuru wanje mfise, nta datawacu, nico gituma niyemeje kuvyara abana benshi kugira ngo mpambanwe iteka ni napfa. Mu kibano iwacu iyo uvyaye umwana abantu bavuga ko uhambaye, nico gituma navyaye abana benshi."