Trump: Nta kintu na kimwe namenye kuri iyo nama ya Jr

President Trump and son Donald Trump Junior embrace Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Trump: Nta kintu na kimwe namenye kuri iyo nama ya Jr

Umuhungu wa prezida wa Amerika Donald Trump, yavuze ko atamenyesheje se wiwe ivyerekeye inama bagiranye n'umushingwamanza w'Uburusiya yari yavuze ko ashobora kumufasha myiyamamazo y'amatora ya prezida.

Donald Trump Junior yabwiye ikinyamakuru ca Fox News ko muri iyo nama ata kintu cavuyemwo.

Yerekanye mail ziwe zerekana ko yemeye ivyo uwo mushingwamanza yamusaba, asanzwe afitaniye ubucuti n'Uburusiya, avuga ko afise inkuru z'ibanga zerekeye Hillary Clinton.

Abategetsi ba Amerika bariko baragira amatohoza yo kumenya nimba Uburusiya bwarivanze mu matora ya Amerika.

Kuva atowe mu mabanga y'umukuru w'igihugu, prezida Trump aragirizwa ko Uburusiya bwagerageje kwonona imyiyamamazo y'uwo bari bahanganye umupfasoni Clinton.

'Nta mabanga ya Trump Uburusiya bubitse'

Trump: Uburusiya bufise "ingeso yo gukorogana"

Yararahiye ararengwa ko ata co abiziko, kandi n'uburusiya bwagiye burahakana ko bwivanze muri ayo matora.

Abajijwe nimba yaramenyesheje se wiwe ivyerekeye iyo nama yo mu mwaka uheze, Trump Junior yavuze ko atari afise ikintu na kimwe yomubwira.

Donald Trump Junior, umwe wiwe Jared Kushner hamwe n'uwari arongoye imyiyamamazo ya Trump Paul Manafort barabonanye n'umushingwamanza w'Uburusiya Natalia Veselnitskaya, mu nyubakwa ya Trump Tower mu gisagara ca Nwe York mu kwezi kwa gatandatu mu 2016.