Inka zikamwa zajanywe n'indege mu gihugu ca Qatar

Cows Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Inka zikamwa 165 zajanywe n'indege muri Qatar

Inka zikamwa zajanywe n'indege mu gihugu ca Qatar kwongereza amata mu gihe ico gihugu kibandanya guharirwa ivomo na Arabia Saoudite.

Inka 165 zo mu bwoko bwa Holstein zashitse muri ico gihugu ca Qatar zivuye mu Budagi ni zo za mbere muzishika 4.000 zitegerezwa kujanwa muri ico gihugu.

Ukugarirwa imihora yo mu kirere, ku butaka no mu mazi kwatumye haba ingorane mu gihugu ca Qatar, igihugu kigura ibintu vya nkenerwa mu bindi bihugu bikenwe n'abanyagihugu imiliyoni 2.7.

Umugwi w'ibihugu urongowe na Arabia Saoudite vyaragabishije ko bishobora gufatira ibindi bihano ico gihugu ca Qatar inyuma yo kwamirira kure ivyo gisabwa.

Izo nka zashitse muri Qatar zijanywe n'indege ipakira imizigo ya Qatar Airways ku musi wa kabiri zica zijanwa mu kibanza zategekanirijwe zubakiwemwo

Ikompanyi ya Power International ni yo yaguze izo nka, uwurirongoye Moutaz al-Khayyat akaba yabwiye ikinyamakuru ca Bloomberg ko mu gihe izo nka zose zizoba zashitse, zizokongereza ibice mirongo itatu kw'ijana vy'amata akenewe muri ico gihugu.

Ayo mata n'ibiyakomokako azogurishwa ariko ikimenyetso gishasha al-Khayyat aheruka kugira.