Burundi: Uwateguye igiteramo ca Koffi mu maboko y'igipolisi

Ndayishimiye Shaban Osman (i bubamfu) na Sion Nikobiri (i buryo) kuri Zion Beach itariki 30 z'ukwezi kwa gatandatu mu 2017
Image caption Ndayishimiye Shaban Osman (i bubamfu) na Sion Nikobiri (i buryo) kuri Zion Beach

Uwurongoye ishirahamwe Empire Media Group mu Burundi ari mu minwe y'igipolisi yagirizwa kwiba amahera yavuye mu giteramo c'umuririmvyi Koffi Olomide n'ubusuma hakoreshejwe urwenge.

Ndayishimiye Shaban Osman yafatiwe mu ntara ya Kirundo mu buraruko bw'Uburundi ariko araja mu gihugu c'Urwanda nk'uko bimenyeshwa n'igipolisi.

Ndayishimiye Shaban yagirizwa kwiba amahera yavuye mu giteramo c'umuririmvyi Koffi Olomide haraciye hafi indwi zibiri, aho hari haramutse higinwa imyaka cumi irangiye Uburundi bwinjiye mw'ishirahamwe rya EAC.

Koffi Olomode yahagaritswe muri DRC

Umuvugizi w'igipolisi c'Uburundi, Pierre Nkurikiye, avuga ko atari ubwa mbere agize mwene ubwo busuma.

"Ndayishimiye Shaban Osman tumaze kumufata kenshi yakoze icaha nk'ico co kwiba abantu ku ruyeri, aramaze no kubifungirwa, ariko baca bamurekura", ni ko Pierre Nkurikiye yavuze.

Uwufise ububasha kw’isanamu Twitter

Mw'ishirahamwe Empire Media Group bavuga ko Koffi Olomde bamuhaye amahera yose bavuganye, guha hari ukutumvikana ku mahera yakoreshejwe yo kubatunga hamwe n'uburaro.

Iryo shirahamwe ntirihakana ko ayo mahera atararihwa, ariko rikavuga ko vyavuye ku mahera y'umurengera basabwa, ashika imiliyoni 200 z'amafaranga y'amarundi, mu gihe bo bavuga ko adashobora gushika ayo yose.

Zambia yahagaritse ibiteramo vya Koffi Olomide

"Amafaranga yose twavuganye n'umuririmvyi Koffi Olomide twarayamuhaye, ikibazo gihagaze ku mahera bakoresheje bari ngaha. Bavuga ko yoba ashika imiliyoni 200, ayo na yo ni menshi cane mu misi idashika na cumi", uko ni ko Empire Media Group ivuga.

Image caption Umuririmvyi Koffi Olomide ashitse ku kibuga c'indege ca Bujumbura itariki 30 z'ukwezi kwa gatandatu 2017
Uwufise ububasha kw’isanamu Twitter
Image caption Inkuru zivugwa ku mbuga ngurukanabumeyi n'uko bamwe mu bafasha Koffi Olomide kurirrimba bankiwe kuva mw'ihoteli batarishe

Ihoteli Sun Safari barayemwo canke Zion Beach Koffi yacurarangiyemwo vyose n'ivyo umugwizatunga Nikobiri Sion.

Koffi na bamwe mu bamufasha kuririmba basubiye inyuma ejo ku wa kabiri, mu gihe abandi bagipfungiwe mw'ihoteli Sun Safari aho bankiwe kugenda batarishe.

Abarongoye iyo hoteli banse kugira ico babivuzeko