Everton muri Tanzaniya mu rukino na Gor Mahia ya Kenya

Urukino rwa mbere rwa Rooney (uwa kabiri i buryo) agarutse muri Everton rubera mu gihugu ca Tanzaniya
Image caption Urukino rwa mbere rwa Rooney (uwa kabiri i buryo) agarutse muri Everton rubera mu gihugu ca Tanzaniya

Umugwi wa Premier League wo mu Bwongereza, Everton wageze i Dar es Salaam mu gihugu ca Tanzaniya aho Wayne Rooney agiye gukina urukino rwiwe rwa mbere agarutse muri uwo mugwi yatanguriyemwo.

Urwo rugendo rubaye urwa mbere muri Afrika y'Ubuseruko, ruri mu ngendo z'inkino zo kwitegurira ihiganwa rya Premier League 2017/2018.

Everton, yahejeje ihiganwa riherutse iri mu kibanza c'indwi, yagiye itwaye abakinyi bayo bose.

Uwo mugwi washitse ku kibuga c'indege c'i Dar es Salaam isaha zibiri zo mu gitondo uvuye Liverpool mu Bwongereza.

Wayne Rooney, yasinye amasezerano yo gukinira Everton atanzwe n'umugwi yahoramwo Manchester United ku buntu, agiye gukina urukino rwiwe rwa mbere bahura na Gor Mahia ya Kenya ku kibuga National Stadium c'i Dar es Salaam cakira abarorerezi 60000.

Hari abantu benshi bafashe urugendo bava mu bihugu bibanyi bagiye kurorera urwo rukino.

Abari hanze y'ihoteli umugwi wa Everton washikiyeko i Dar es Salaam, basemereye n'akanyamuneza bavuga bati "Rooney Rooney" igihe yarasohotse avuye muri bisi.

Hari n'abanya RD Congo baje gusanganira uwabo Yannick Bolasie, bakaririmba indirimbo ndangagihugu hamwe n'intambo nawe nyene yasubiramwo.

Image caption Abanya RD Congo baje gusanganira uwabo Yannick Bolasie

Urukino rwo kuri uno wa kane rwateguwe mu masezerano ari hagati ya Everton igiye kwambara umupira wa Sportpesa ya Kenya, ikigo gitsibisha mu nkino z'umupira w'amaguru cipfuza kwimenyekanisha.

Muri urwo rugendo, abakinyi ba Everton bazohura n'umugwi Albino United ku ntego yo gufasha kwihanikiza abakunze gutera ba nyamwema, abatari bake muribo bakaba bamaze kwicwa muri Tanzaniya kubera imihamuro.

Image caption Umugwi wa Everton wakiriwe n'intambo z'aba Masai