Konta atumye Ubwongereza buja mu gice c'ica kabiri inyuma y'imyaka 39

Konta afise amamuko yo muri Australia yaronse ubwenegihugu bw'Ubwongereza Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Konta afise amamuko yo muri Australia yaronse ubwenegihugu bw'Ubwongereza

Johanna Konta "araryohewe ku kuba yinjiye mu mateka" inyuma yaho abereye umugore wa mbere w'umwongereza yinjiye mu gice ca "demi-finale" ca Wimbledon inyuma y'imyaka 39.

Konta asanzwe ari mu kibanza ca gatandatu kw'isi yatsinze Simona Halep wo muri Rumaniya J6-7 (2-7) 7-6 (7-5) 6-4.

Mu rukino rugiye gukurikira, azohura na Venus Williams.

Konta yavuze ko yategereye kuva kera ko yegera kure:

"Kuva mfise imyaka 9 narumva ko nshobora kuvamwo umukinyi akomeye," niko Konta yabwiye BBC.

Urukino rwa Konta rwakurikiranywe n'uwaheruka gushika muri ico gice mu 1977, Wade, yavuze ko urukino rw'uwo mwongereza rwo ku munsi wa kabiri rwari rutangaje.

"Abakinyi bose bakinye neza ariko wabona ko asatira cane," niko Wade yavuze.

"Ni vyiza kuba umwongereza wa nyuma w'umugore yatsinze Wimbledon, ariko ni vyiza kurusha kugira abongereza benshi batsinda. Ntangajwe n'ingene vyafashe igihe kirekire."