Abantu 15 bapfuye mu bitero vy'abiyahuzi muri Nigeria

Umugwi Boko Haram wipfuza gushinga ubutegetsi bugendera kuri Islamu muri Nigeria Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umugwi Boko Haram wipfuza gushinga ubutegetsi bugendera kuri Islamu muri Nigeria

Igipolisi co mu gihugu ca Nigreria camenyesheje ko abantu 15 bapfuye, abandi benshi barakomereka mu bitero vy'abiyahuzi mu buraruko bushira ubuseruko bwa Maiduguri.

Kivuga ko bane mu bapfuye ari abiyahuzi, bateye muri komine ya Molai ku munsi wa kabiri mw'ijoro.

Umugwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu, Boko Haram, niwo wikekwa ko wagavye ivyo bitero vyahitanye abantu benshi bitari biherutse.

Inteko za Nigeria n'ibihugu bibanyi zarirukanye abo bagwanyi mu duce twinshi, ariko baguma batera.

Abantu hafi imiliyoni zitatu baravuye mu ngo zabo mu myaka umunani iheze kubera imigumuko yadutse.