Nigeria: Prezida Buhari ashobora gutaha "vuba"

Prezida Buhari amaze igihe avurigwa mu bitaro vyo mu gisagara ca Londres Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Prezida Buhari amaze igihe avurigwa mu bitaro vyo mu gisagara ca Londres

Prezida wa Nigeria Muhammadu Buhari ariko "arorohegwa ningoga" azotaha "vuba", niko umukuru w'igihugu mfatakibanza Yemi Osinbajo yavuze.

Yashikirije ayo majambo mu nama n'abamenyeshamakuru ku munsi wa gatatu mu gitondo, avuye mu rugendo rwo gusuhuza Bwana Buhari mu bitaro vy'i Londres aho avugwa ingwara itaramenyeshwa.

Bwana Osinbajo amaze kugaruka mu gihugu, yavuze ko baganiriye ku bintu bitandukanye, mu mubonano w'isaha imwe bagiranye.

Bwana Buhari ari i Londres kuva mu kwezi kwa gatanu.

Uwo mutegetsi w'imyaka 74 yatowe mu 2015, aba abaye uwa mbere mu batavuga rumwe n'ubutegesti atsinze amatora.

Ni ubwa kabiri aja kwivuriza mu Bwongereza, ubwa mbere ajayo hari mu kwezi kwa mbere, munyuma agaruka mu kwa gatatu.

Kuba amaze igihe kirekire atari mu kazi, bituma hari abibaza niba azoshobora kurangura amabanga y'umukuru w'igihugu.

Mu ntango y'ino ndwi, umutambukanyi wiwe Aisha Buhari yaraneguye abanyepolitike bo mu mugambwe uri ku butegetsi ngo boba bariko barasotera ibibanza vy'umukuru w'igihugu n'icegera ciwe muri kino gihe umugabo wiwe agwaye.

Mu butumwa yacishije ku mbuga hwaniro ya Facebook, Madamu Buhari yagabishije ko "imfyisi n'imbwebwe" bazokumigwa.

Icegera c'umukuru w'igihugu nico kirongoye igihugu muri kino gihe Bwana Buhari ari hanze, ariko nta kiravugwa ko hoba hari imigambi mibi afitiye uwo mutegetsi agwaye, niko umumenyeshamakuru wa BBC Naziru Mikailu yavuze.

Madamu Buhari yashikirije ayo majambo yishura ku yashizwe ku mbuga hwaniro n'umukenguzamateka Shehu Sani, yagabishije ko hari abantu "bategura imigambi...ngo babe abami".