Christopher Wray yitezwe kuba umuyobozi mushasha wa FBI

Wray ategekanywa kwumvirizwa n'abakenguzamateka ku munsi wa gatatu mu ngoro Capitol Hill Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Wray ategekanywa kwumvirizwa n'abakenguzamateka ku munsi wa gatatu mu ngoro Capitol Hill

Umugabo aherutse kugenwa na Prezida Donald Trump wa Amerika, Christopher Wray, ashobora kuba umuyobozi mushasha wa "Federal Bureau of Investigation" (FBI) ni yaramuka yemejwe.

Prezida Trump yirukanye umuyobozi yahahora, James Comey, mu kwezi kwa gatanu.

Abahagarariye ibigo bitandukanye vy'itangazamakuru, bavuze ko abagiye kwumviriza Bwana Wray bipfuza kumenya ko ataho yokwegamira canke ngo yegamirire ku ruhande rwa Trump na burya FBI iriko iratohoza ku bivugwa ko Uburusiya bwoba bwarivanze mu matora y'umukuru w'igihugu yo mu 2016.

Christopher Wray yarakoze imyaka ine mu bushikiranganji bw'ubutungane kuri Prezida George W Bush.