US: Umukuru mushasha wa FBI yemeye kugendera ukuri

Wray yumvirijwe n'abakenguzamateka kuri uno wa gatatu mu ngoro Capitol Hill Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Wray yumvirijwe n'abakenguzamateka kuri uno wa gatatu mu ngoro Capitol Hill

Umugabo aheruka kugenwa na Prezida Trump wa Amerika (US), Christopher Wray, yemeye ko agiye gutunganiriza abanyagihugu ata guhengama.

Yumvirizwa n'umugwi w'inama nkenguzamateka ujejwe ubutungane, Bwana Wray yavuze ko adafata itohoza rijanye no kwivanga kw'Uburusiya mu matora y'umukuru w'igihugu muri Amerika nk'uguhiga umurozi, nkuko Trump yabishikirije.

Bwana Wray yavuze ko atazigera yemera ko ibikogwa vya FBI birangwa n'ikindi atari ivyemezo canke amategeko.

Ugushobora kwigenga akitandukanya na Prezida Trump nico abamwumviriza bariko bararondera kubwirwa.

Umuyobozi wa FBI yahahora, James Comey, yirukanywe na Bwana Trump kubera amatohoza akogwa ku Burusiya.

(Christopher Wray yarakoze imyaka ine mu bushikiranganji bw'ubutungane kuri Prezida George W Bush.)