Prezida Lula da Sliva yaciriwe gupfungwa amezi icenda azize igiturire

Luiz Ignacio Lula da Silva
Image caption Uwahoze ari prezida wa Brezil Luiz Ignacio Lula da Silva

Uwahoze ari prezida wa Brezil, Luiz Ignacio Lula da Silva, yaciriwe gupfungwa imyaka icenda n'igice ku caha kimwe muri bitanu yagirizwa.

Lula yabaye mu bukene kuva akiri umwana hanyuma aza kuba umwe mu bakuru b'ibihugu bakunzwe cane muri Brezil.

Uwo mutegetsi yahoze arongoye urunani rwamenyekanye cane mu makungu kubera politike yarwo yatumwe ubuzima bw'abanyagihugu bwisununura.

Igipolisi ca Brezil casatse inzu ya bwana Lula

Image caption Dilma Rousseff yavanywe ku butegetsi itariki 31 ukwezi kw'umunani mu 2016 yagirizwa igiturire

Ariko ubu ibintu vyahindutse, aho basanze yaremeye igiturire c'umuliyoni w'amadolari yubakishijwe inzu y'igorofa yo kuruhukiramwo vyakozwe na kompanyi y'ubwubatsi muri Brezil yitwa OAS.

Ico gihano gitanzwe mu gihe Lula yaheruka kuvuga amajambo akarishe ko afise umugambi wo gusubira kwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu muri uyu mwaka.

Perezida Dilma Roussef mu mazi abira

Lula yahakanye ivyo yagirizwa vyose, avuga ko ata caha na kimwe yigeze akora cotuma atabwa mu mvuto, mu gihe abamuburanira bavuga ko bagiye kwunguruza urwo rubanza.

Image caption Biriko birihwezwa nimba na prezida aharu ubu Michel Temer yovanwa ku butegetsi kubera kurya igiturire nyene

Muri ico gihe nyene, umugwi w'inama nshingamateka muri Brezil uriko urihweza ko worekurira sentre kwumviriza urubanza rw'igiturire kivugwa kuri prezida w'ico gihugu Michel Temer.

Temer yitwariwe mu kwezi guheze ko yakiriye igiturire c'ikompanyi ikomeye cane ihingura inyama.

Image caption Abari mu myiyerekano benshi bashaka ko prezida ahari ubu Michel Temer ava kubutegetsi kubera kurya igiturire

Vyitezwe ko uwo mugwi w'abashingamateka utora kuri ico kibazo ejo aho bukera.

Mu gihe vyokwemezwa, ico kibazo kizoca kija mu minwe y'abashingamateka bose, aho hazoba hakenewe amajwi angana na kimwe ca gatatu kugira prezida ashikanwe imbere ya sentare.