Hatangajwe ibihe bidasanzwe i Nevada muri Amerika kubera ibura ry'urumogi

Cannabis plant Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abakeneye urumogi barongerekanye kuva babemereye kurunywa mu kwinezereza itariki zitandatu muri uku kwezi.

Abategetsi b'intara ya Nevada muri Amerika bafashe ingingo zidasanzwe mu guhangana n'ibura ry'urumogi.

Abakeneye urumogi barongerekanye kuva babemereye kurunywa mu kwinezereza itariki zitandatu muri uku kwezi.

Ibi bikaba vyatumwe n'abarugurisha badafise urukwiye.

Itegeko riha uburenganzira abagurisha inzoga kurugurisha ariko benshi ntibafise ibisabwa n'amategeko kugira bashobore kurugurisha.

Igisata gitiza amakori muri iyo ntara catangaje ibihe bidasanzwe, bisigura ko abategetsi bagiye gufata ingingo zihuta yo guhangana n'iryo bura ry'urumogi.

Haharugwa ko amahera yavuye mu rumogi mu misi ine ya mbere ashika imiliyoni zitatu, inyuma y'aho hatangiwe uburenganzira bwo gukoresha urumogi ku mugaragaro.

I California batoye itegeko ryemera kunywa urumogi

Urumogi rurimwa n'abasirikare mu Butaliyano, rugurishwa mu mategeko muri za farumasi

Intara ya Nevada yagize amatora yo kwemeza ugukoresha urumogi mu kwinezereza mu kwezi kwa cumi na rimwe, bivuye ko izindi ntara zamaze kwemeza itegeko nkiryo.

Ikoreshwa ry'urumogi mu kwivura rirarekuwe mu ntara 25 harimwo na Nevada, yemeje iryo tegeko mu 2001.