Aba Chechen 5 batawe mu mvuto bazira igitero cahitanye Nemtsov iruhande ya Kremlin

Zaur Dadayev attends sentencing at Moscow District Military Court on July 13, 2017 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Zaur Dadayev yategetswe n'umugabo yitwaje inkoho w'umu chechen Ramzan Kadyrov

Umugabo yitwaje inkoho n'abandi bane bafatanije bahawe igihano ruhasha bazira kurasa uwutavuga rumwe na reta mu Burusiya, Boris Nemtson hagufi ya Kremlin.

Zaur Dadayev yaciriwe urubanza rwo gupfungwa imyaka 20 na sentare ya gisirikare c'Uburusiya mu gihe abandi bahawe hagati y'imyaka 11 na 19.

Uwo mugabo atarya umunwa mu kunebagura prezida Vladimir Putin, Nemtsov w'imyaka 55, yishwe arashwe mu kwezi kwa kaabiri mu 2015.

Uburusiya: Umwe yemeye ko yishe Boris Nemtsov

Uburusiya: Abantu 2 bafashwe

Umuryango wiwe ufise ubwoba ko abategetse iyicwa ryiwe batazokwigera bafatwa.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abandi bagabo bane na bo nyene bagiriwe n'icaha baciriwe ibihano ruhasha

Bavuga ko gushika ubu, urwo rupfu rutararonka inyishu y'uwamwishe.

Abababuranira bibaza ko abategetsi bakuru muri Chechenya bacuditse n'Uburusiya bashobora kuba bari inyuma y'ubwo bwicanyi.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Harakunzwe gushirwa amashurwe ku kiraro mu kwibuka urupfu rwa Nemtsov, ariko aca avanwaho vyihuta