Johanna Konta agiye guhura na Venus Williams mu 1/2

Konta amaze gutsinda urukino rumwe gusa i Wimbledon imbere y'uno mwaka Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Konta amaze gutsinda urukino rumwe gusa i Wimbledon imbere y'uno mwaka

Johanna Konta asabwa gutsinda Venus Williams amaze gutwara igikombe incuro zitanu ni yaba yipfuza kuba umugore wa nyuma ashitze muri "finale" y'abikinana (singles) inyuma y'imyaka 40.

Konta ari mu kibanza ca gatandatu akagira n'imyaka 26 aza guhura n'uwo munyamerika w'imyaka 37 mu rukino rwa kabiri rubera ku kibuga co hagati 15:00 BST

Ni ubwa mbere kuva igihe ca Virginia Wade mu 1978, Ubwongereza busubira kuronka umugore ashitse muri "demi-finale" ya Wimbledon.

Umunya Espagne Garbine Muguruza aza gukina na Magdalena Rybarikova wa Slovakia mu rukino rwa mbere rutangura 13:00.

Image caption Venus Williams ari mu kibanza ca 11 kw'isi mu bikinana (singles)

Venus Williams amaze gutwara igikombe c'abikinana (singles) incuro zitanu, akaba ari mu kibanza ca 11 kw'isi.