Dallas Cowboys, New York Yankees na Man Utd imigwi itunze cane

Dallas Cowboys wakuye mu kibanza ca mbere Real Madrid mu 2016 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Dallas Cowboys wakuye mu kibanza ca mbere Real Madrid mu 2016

Ku bw'icegeranyo c'ikinyamakuru Forbes Magazine gikogwa ku mwaka, umugwi Dallas Cowboys niwo wa mbere utunze, ugakurikigwa na New York Yankees na Manchester United.

Umugwi wa Manchester United wari ku rutonde rwa mbere mu 2011 na 2012, uri hejuru ya Barcelone na Real Madrid, ukaba ufise imiliyardi z'amadolari 3.69.

Umutungo wa Cowboys wariyongeye 5% ukaba ugeze ku miliyardi z'amadolari 4.2, umugwi wa Baseball, New York Yankees ukaba uri mu kibanza ca kabiri n'umutungo w'imiliyardi z'amadolari 3.7.

Imigwi cumi ya mbere mu butunzi ku rutonde rwa Forbes

1. Dallas Cowboys imiliyardi $4.2, mu rukino rwa American football

2. New York Yankees imiliyardi $3.7 mu rukino rwa baseball

3. Manchester United imiliyardi $3.69 mu rukino rwa football

4. Barcelona imiliyardi $3.64 mu rukino rwa football

5. Real Madrid imiliyardi $3.58mu rukino rwa football

6. New England Patriots imiliyardi $3.4 mu rukino rwa American football

7. New York Knicks imiliyardi $3.3 mu rukino rwa basketball

8. New York Giants imiliyardi $3.1 mu rukino rwa American football

9. San Francisco 49ers imiliyardi$3bn (£2.33bn) American football

10. Los Angeles Lakers imiliyardi $3 mu rukino rwa basketball