Mesut Ozil yavuze ko yipfuza kuguma muri Arsenal

Mesut Ozil yatangiwe imiliyoni $54 igihe yinjira muri Arsenal avuye muri Real Madrid mu 2013 Uwufise ububasha kw’isanamu Rex Features
Image caption Mesut Ozil yatangiwe imiliyoni $54 igihe yinjira muri Arsenal avuye muri Real Madrid mu 2013

Mesut Ozil yavuze ko yipfuza kuguma muri Arsenal ariko akazovugana n'umugwi Arsenal ku bijanye na kazoza kiwe inyuma y'inkino zo kwitegura zo muri Australia n'Ubushinwa.

Uwo mukinyi wo hagati w'imyaka 28, yagiranye amasezerano na Arsenal azorangira mu 2018, ariko hakavugwa vyinshi ku bijanye na kazoza kiwe.

"Nahisemwo kuguma mu mugwi," niko uwo mudagi yavuze ku munsi wa gatatu.

"Igihe bose bazoba bagarutse i Londres, tuzicara tuvugane kuri kazoza. Namye mvuga ko merewe neza muri Arsenal."

Arsenal ihura na Sydney FC ku wa kane (11:00 BST) hamwe na Western Sydney Wanderers (11:00 BST) ku wa gatandatu imbere yuko ija mu Bushinwa mu zindi nkino zibiri.

Umugwi wa Arsene Wenger uzohura na Bayern Munich itariki 19 z'ukwezi kw'indwi i Shanghai, munyuma uhure na Chelsea itariki 22 z'ukw'indwi i Beijing imbere yuko ugaruka mu Bwongereza.