Umunya Australia yononewe urutoke n'inka yarusubirije ino

Abaganga babaga bafatanije ino rikuru ahahora urutoki ku kiganza ca Zac Mitchell Uwufise ububasha kw’isanamu SOUTH EASTERN SYDNEY LOCAL HEALTH DISTRICT
Image caption Abaganga babaga bafatanije ino rikuru ahahora urutoki ku kiganza ca Zac Mitchell

Umusore w'umunya Australia akora mu nka, urutoke rwononywe n'impfizi yabazwe acibwa ino rikuru, riba ariryo rija ahahora urwo rutoke rw'igikumu rwacitse.

Zac Mitchell w'imyaka 20, yakomeretse mu kwezi kwa kane ari mu kazi k'ubworozi mu gace kari mu burengero bwa Australia.

"Impfizi yasetse ikiganza canje ku rugo," niko Mitchell avuga yigana uko vyagenze.

Yarabazwe kabiri yikurikiranya barondera gusubizako ico gikumu ariko ntivyakunda, munyuma abaganga bafata ingingo yo kwimura ino rikuru, ivyo bikaba vyafashe amasaha umunani.

Bwana Mitchell yavuze ko abo bakorana bari bipfuje kubika ico gikumu inyuma yaho agiriye iryo sanganya.

"Bagishize ahantu hakanye cane muri firigo bashirako ibarafu," niko yabwiye BBC.

Bwana Mitchell yatwawe ku bitaro vya Perth n'indege ariko biranka ko urwo rutoke rw'igikumu rusubizwako.

Naho ubwa mbere yari yabanje kubihakana, uwo musore akorera mu nka yaremeye munyuma gutegwa ino rikuru ahahora ico gikumu, ku bitaro Sydney Eye Hospital mu ndwi zibiri ziheze.