Roney asaba icegera c'umukuru w'igihugu ca Tanzaniya gushigikira Everton

Umugwi wa Everton wazindutse wimenyereza i Dar es Salaam Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umugwi wa Everton wazindutse wimenyereza i Dar es Salaam

Abakunzi b'umupira w'amaguru ba Tanzaniya bararyohewe biteguye kurorera urukino rwa kivandimwe hagati y'umugwi Everton wa Premier League na Gor Mahia ku kibuga c'igihugu cakira abarorerezi 60000.

Abakinyi ba Everton bakiriwe nk'abami kuva igihe bashitse ku munsi wa mbere muri ico gihugu ca Afrika y'Ubuseruko.

Uwo mukinyi w'umugwi w'igihugu c'Ubwongereza, yahora akinira Manchester United, Wayne Rooney, yakunzwe n'isinzi ry'abantu, benshi bakaba barindiriye kuraba ingene akina.

Uwundi yakunzwe kurusha ni Yannick Bolasie wo muri Repubulika Iharanira Intwaro rusangi ya Congo (DR Congo), aho abo baturuka hamwe baje kumusanganira bambaye imipira imushushanijeko.

Rooney niwe yahurumbiwe kurusha, mbere n'icegera c'umukuru w'igihugu, Samia Suluhu Hassan, akaba yavyemeje.

"Wayne Rooney yatumye nshigikira Manchester United, ubu naho sinzi ico ngiye gukora mu gihe yimukiye Everton," niko uwo mukenyezi yavuze.

Rooney nawe yaciye yishura ati: "Kuba ndi ngaha n'ikintu gishasha kuri jewe, nkaba nibaza ko icegera c'umukuru w'igihugu azoshobora gufasha Everton."