HRW yagiriza u Rwanda kwica abantu 37 ku makosa adafashe

Abantu 37 b'ivyaha bito bito ngo nibo bishwe n'inteko z'umutekano Uwufise ububasha kw’isanamu Human Rights Watch
Image caption Abantu 37 b'ivyaha bito bito ngo nibo bishwe n'inteko z'umutekano

Ikigo giharanira agateka ka zina muntu Human Right Watch (HRW) cavuze ko inteko z'umutekano z'igihugu c'u Rwanda zishe niburiburi abantu 37 bagirizwa ivyaha bibayabaye kuva mu kwezi kwa kane mu 2016, mu cegeranyo ico kigo casohoye.

Ico cegeranyo kivuga ko ari uburyo ubutegetsi bwafashwe, bwo kumarira abantu bose biketsweko ubusuma.

Ivyabona vyabwiye HRW ko umuntu yafashwe yiba inka, ko yafatigwa ingingo mu nama yo mu muryango.

Fulgence Rukundo yarabajijwe ku bijanye n'inka yibwe, mu nyuma ajanwa mu nama irongowe n'umukuru w'ikomine. Umwe mu babibonye aravuga ivyakurikiye:

"Igihe inama ihereye, abasirikare batwaye Fulgence mu murima uri iruhande y'itongo ry'ibitoke.

Twabikurikiye turi benshi; bamwe bari abana bo mu mashuli y'intango. Twashaka kubona ibiza kuba...Umusirikare yamubwiye ngo nahaguruke agende, uwundi musirikare adusaba kuhava. Muri uwo mwanya nyene, numvise uwurashe gatatu."

Ibindi vyabona vyabwiye HRW ko abandi bishwe bagirizwa kwiba ibitoke, ipikipiki, kugurisha urumogi, kujabuka urubibe ruja muri RD Congo ata ruhusha, canke gukoresha insenga zitarekuriwe mu kuroba.

Ubutegetsi bw'u Rwanda bwahakanye ko ata bwicanyi ndengerabutungane bwakozwe.

"Inyishu yanje ku cegeranyo ca HRW: Ni icegeranyo kidafashe. HRW yabuze ingene yimenyekanisha. Basubiye kubeshwa kandi bitey'isoni." (Niko umushikiranganji w'ubutungane, Johnson Busingye yavuze kuri Twitter.

Yanse kuvugana n'abamenyeshamakuru.

HRW yavuze ko mu 2015, yatohoje ko hari abantu baharugwa mu bihumbi bapfunzwe bidaciye mu mategeko barimwo abana bo mw'ibarabara hamwe n'abamaraya.