Uwaharaniye agateka ka zina muntu mu Bushinwa, Liu Xiaobo, yapfuye

Liu Xiaobo, aharanira agateka ka zina muntu mu Bushinwa Uwufise ububasha kw’isanamu LIU XIA / HANDOUT
Image caption Liu Xiaobo, aharanira agateka ka zina muntu mu Bushinwa

Umugabo yaronse agashimwe kitiriwe Nobel aharanira agateka ka kiremwa muntu mu Bushinwa, Liu Xiaobo, yapfuye ageze ku myaka 61.

Bwana Liu yari yakatiwe igipfungo c'imyaka 11, yaheruka kujanwa mu bitaro acunzwe cane kuvugwa ingwara ya cancer.

Igice kinini c'ubuzima bwa Liu Xiaobo yakimaze mw'ibohero, kubera uruhara yagize mu myiyerekano yo kugwanira demokarasi i Tiananmen Square mu 1989.

Igihano gikomeye yagihawe yanditse agashira no ku rubuga ngurukanabumenyi akamo gasaba kw'intwaro y'umugambwe umwe mu Bushinwa yorangira.

Amaleta yo mu bihugu vya Buraya hamwe n'amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu yo kw'isi yarasavye asemerera ngo Ubushinwa burekure Liu Xiaobo aje kwivuriza hanze, ariko biba impfagusa. (Muri kino gihe, hari amakenga ku bijanye n'ubuzima bw'umutambukanyi wiwe, Liu Xia, amaze imyaka myinshi apfunzwe icamaso ataburanishwa.)