Umugwi Everton watsinze Gor Mahia 2-1

Abakinyi ba Everton bagendeye ishure rya Mchanganyiko
Image caption Yannick Bolasie, Leighton Baines na Ademola Lookman, bakirwa n'abana bo kw'ishure rito rya Uhuru Mchanganyiko

Umugwi Everton ukina mw'ihiganwa Premier League ryo mu Bwongereza watsinze umugwi Gor Mahia wo muri Kenya 2-1, umukinyi Wayne Rooney aheruka gusubira muri Everton akaba ariwe yinjije igitsindo ca mbere ku munota wa 34 muri urwo rukino rwa kivandimwe.

Umukinyi Jacques Tuyisenge aturuka mu gihugu c'u Rwanda niwe yinjije igitsindo co kunganisha n'umutwe ku munota wa 37 hasigaye iminota mike ngo barangize igice ca mbere.

Urukino rwabereye ku kibuga c'igihugu cakira abarorerezi 60000 Everton yarushijemwo Gor Mahia mu minota ya nyuma, rwarangiye ku ntsinzi ya Everton.

Abakinyi ba Everton bakiriwe nk'abami kuva igihe bashitse ku munsi wa mbere muri ico gihugu ca Afrika y'Ubuseruko.

Umukinyi w'umugwi w'igihugu c'Ubwongereza, yahora akinira Manchester United, Wayne Rooney, yakiranywe igishika cinshi, benshi bakaba bari barindiriye kuraba ingene akina.

Uwundi yakunzwe kurusha ni Yannick Bolasie wo muri Repubulika Iharanira Intwaro rusangi ya Congo (DR Congo), aho abo baturuka hamwe baje kumusanganira bambaye imipira imushushanijeko.

Rooney niwe yahurumbiwe kurusha, mbere n'icegera c'umukuru w'igihugu, Samia Suluhu Hassan, akaba yavyemeje.

"Wayne Rooney yatumye nshigikira Manchester United, ubu naho sinzi ico ngiye gukora mu gihe yimukiye Everton," niko uwo mukenyezi yavuze.

Rooney nawe yaciye yishura ati: "Kuba ndi ngaha n'ikintu gishasha kuri jewe, nkaba nibaza ko icegera c'umukuru w'igihugu azoshobora gufasha Everton."