Umuhungu ino ryiwe ryimuriwe ku kiganza muri Australia

Zac Mitchell with bandages on his right hand and foot Uwufise ububasha kw’isanamu South Eastern Sydney Local Health District
Image caption Abaganga bashize ino rikuru ku kiganza ca Zac Mitchell

Umukozi umwe aragira inka urutoke rwiwe rw'urukumu rwakuweko n'impfizi, yabazwe n'abaganga aho bakase ino ryiwe rikuru barishira ku kiganza.

Zac Mitchell w'imyaka 20, yakomeretse ari ku kazi mw'ishamba rimwe riri mu kigwati co mu bumanuko bwa Australia.

Zac Mitchell yabazwe incuro zibiri zose ku rutoke birankaimbere y'uko abaganga bafata ingingo yo kwimura ino ryiwe barishira ku kiganza mu gikorwa camaze amasaha umunani.

Mitchell avuga ko abandi bakozi bakorana bagerageje kubika neza urwo rutoke inyuma y'iryo sanganya.

Mitchell yaciye ajanwa n'indege gushika kwa muganga mu bitaro biri mu ntara ya Perth, ariko ntibashoboye gusubizako urwo rutoke rwiwe.

Uwufise ububasha kw’isanamu South Eastern Sydney Local Health District
Image caption Ibipimo vya X-ray vyerekana ingene urwo rutoke rwononekaye

N'aho yari yavyanse, mu nyuma yatinze aremera ko ino ryiwe ricibwa baryimurira ku ku kiganza.

Umuganga abaga Sean Nicklin avuga ko atatanganjwe n'umwanya Mitchell yamaze ataremera ko bigenda uko.

"N'aho wogira intoke zine zikomeye, ariko ukabura urukumu, ukuboko kwawe kuba kubuze ikintu gikomeye muvyo ukora".

Mitchell azokenera amezi 12 yo gukurikiranwa ariko azoca asubira kuragira.