Ubushinwa buriyamiriza ababunebagura ku rupfu rwa Xiaobo

Chinese dissident and Nobel Peace laureate Liu Xiaobo (L) and his wife Liu Xia in Beijing in October 2002 Uwufise ububasha kw’isanamu Handout/AFP
Image caption Liu Xiaobo n'umupfasoni wiwe Liu Xia, mu 2002

Ubushinwa bwiyamirije ibivugwa n'amakungu kuba butarekuriye uwunebagura politike y'ico gihugu, Liu Xiaobo kuja kwivuza ingwara ya cancer mu bindi bihugu.

Ubushinwa buvuga ko ico ari ikibazo kiraba ico gihugu gusa, ko ibindi bihugu "bishikiriza ibitajanye".

Uwo aharanira agateka ka zina muntu yariko arakora igipfungo c'imyaka 11 yagirizwa "kurenga ku mategeko", yapfiriye mu bitaro afise imyaka 61.

Uwaharaniye agateka ka zina muntu mu Bushinwa, Liu Xiaobo, yapfuye

Ubushinwa n'abaganga ba Bulaya baravuguruzanya ku buzima bwa Liu Xiaobo

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Mu kibanza ca Liu mu birori vya Nobel 2010 bahashize intebe igaragara

Akanama gatanga agashimwe kitiriwe Nobel, kamuhaye ako gashimwe mu 2010, kavuze ko Ubushinwa "bufise uruhara" muri urwo rupfu rwiwe.

Ubu Ubushinwa buriko buraterwa igitsure ngo burekure umugore wiwe amaze igihe acungishijwe ijisho muhira iwe.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Liu Xia apfungiwe icamaso muri iyi nyubakwa kuva mu kwezi kwa cumi mu 2010
Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty Images
Image caption Abakunzi biwe i Hong Kong baje kugandarira imbere y'ibiro biserukira Ubushinwa muri ico gihugu