Venus Williams muri "finale" yigijeyo Johanna Konta

Venus Williams amaze gutsinda incuro zitanu ihiganwa rya Wimbledon Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Venus Williams amaze gutsinda incuro zitanu ihiganwa rya Wimbledon

Icizere c'umwongereza Johanna Konta co gukina ubwa mbere urukino rwa nyuma (finale) mw'ihiganwa rya Wimbledon caraye kirangijwe n'intsinzi y'uwumaze gutwara iryo higanwa gatanu, Venus Williams.

Uwo munyamerika w'imyaka 37 ari mu kibanza c'icumi yakinye neza atsinda 6-4 6-2 ku kibuga co hagati, aba yinjiye mu rukino rwa nyuma (finale) ruzomuhuza n'umunya Espagne Garbine Muguruza.

Konta w'imyaka 26 ari mu kibanza ca gatandatu yari yizeye kuba umugore wa mbere ashitse muri "finale" y'abikinana (singles) kuva mu 1977 igihe Virginia Wade yabishikako.

"Vyangoye ko nshobora guhagarara neza mu rukino," niko yavuze.

"Akaryo gake nashoboye kuronka, yagakinyemwo neza ntihagira ico bimarira.

"Sinibaza ko nakinye nabi cane. Nibaza ko urwo rukino rwari urwiwe."

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Konta amaze gutsinda urukino rumwe gusa ku kibuga ca Wimbledon uno mwaka

Konta agiye kuja muri batanu ba mbere kw'isi ku rutonde rugiye gukurikira.

Venus Williams abaye umugore wa mbere akuze ahiganigwa igikombe mu bikinana mu myaka irenga ijana.

Igihe yatangura kuja ku rutonde rw'abagize urukino rwa Tennis umwuga (professionals) mu kwezi kw'icumi 1994, Konta yarafise imyaka itatu.

Ni Williams yaramuka atsinze Garbine Muguruza ku munsi wa gatandatu, hazoba haciye imyaka 17 atwaye igikombe ca mbere ca Wimbledom mu bikinana.